(Verse 1)
Ndatahura ko biza kugorana
Guheza iyi mirongo nkatwagwa n'amarira
Nk'umuvyeyi abuze ikibondo
Reka wicare wunve ivyo nkubarira
25 years old ntaratahura ivy'ubuzima
Nakuze nabi nakuze nkiri high
Nakuze menyera nguma nfyina
Ico wipfuza mu buzima singobwa kukironka
Bill ashaka house Dan n'imodoka
RYAMA ngirango bizokoroka
Mbwirira incuti k'ubuzima burya ari hustle
Bamwe bifise abandi bavuka mu bumashu
Nakerebuke kuko umwanya uguma utoboka
Nagira ni dream, kubaho party life everyday
Uguma uri lit urikumwe na team
Ngira n'akayoga ngira n'aka gin
Kaboregwe kenshi- uri fauché mu bantu uguma ukuga
N'abo atakindi mupfana atari icupa
I need to learn, I'll never get to win in this situation
Hamwe nopfa ejo harico ntarishe
Uze umfashe kubabwira icanyishe
(HOOK)
IKIRI KU MUTIMA(x2)
ATA SHAVU ATA N'UBWOBA
SINOBANDANYA NGUMA MPOMBA
'KI KIRI KU MUTIMA(x2)
IKIRI KU MUTIMA(x2)
(Verse 2)
Ndabizi k'iyi rap iza gusona ukuntu
Bigoye kwandika iyo umutima uriko ukoma induru
'madayimoni ariruka agiye aguma agaruka
Mommy and daddy sinshaka kubatera ishavu
K'atawundi mwuga nshaka nzoba umuraperi
Si jewe, ibindi sindavyunva na bukeyi
School umwigisha aravuga vyinshi ariko sindavyunva
Muziki urunvikana kumusumba
Amajambo aguma yiruka ngakurikira nguma ncunga
Mbe ndankomeye, sinzi ngira ndagwaye
Ikiri ku mutima urakizi umutima ni rwawe
Ntibigikunze ubu vyarahaye
When the best in your life has also been the worst
The fact that I'm crying right now writting the words
I'm smiling with you but sometimes I want to burst
Hamwe nopfa ejo harico ntarishe
Uze umfashe kubabwira icanyishe
Ikiri ku mutima
(Outro speech)
As young as I am ubuzima bwaranyigishije ikintu
Izuba ntiryaka minsi yose my n***a, abagenzi si bamwe mugenda kwota akazuba mukaryoherwa no!!
Abagenzi ni bamwe invura iriko iragwa baverifia ko wugamye k'imbeho itakwishe bro!
Abo nibo mugwana urugamba rumwe mugafashanya
Nibo mugumana jusqu'a la muerte my n***a jusqu'à la mort
N'ejo ugiye ugasiga umwana, you know they're gonna look after you baby you know what I'm saying
(HOOK)
IKIRI KU MUTIMA(x2)
ATA SHAVU ATA N'UBWOBA
SINOBANDANYA NGUMA MPOMBA
'KI KIRI KU MUTIMA(x2)
ATA SHAVU ATA N'UBWOBA
SINOBANDANYA NGUMA MPOMBA
'KI KIRI KU MUTIMA(x2)
(Canco Hamisi Outro)
Wirigwana irungu ukararana intuntu
Ukazindugwa n'agahinda
Ko kera wahora ugendera mu kirere
Amaso yose ahindukira kukuraba(fade out)